Amadidane ya politike mu Butaliyano

Ibiherutse kuvugururwa: 26 ukwa kabiri, 2013 - 14:36 GMT

Iharura ry'amajwi y'amatora mu Butaliyano

Amadidane ya politike mu Butaliyano yahungabanije amasoko y'amafaranga, haba mu gihugu canke hanze, harimwo na euro.

Mu gihe abarwizatunga n'abandi banyapolitike bacibaza uburyo urunani rwa Pier Luigi Bersani rwananiwe gushikana amajwi akwiye mu nzego zompi zishinga amategeko, urugero rw'inyungu ku myenda y'Ubutaliyano rukomeje kuduga.

Uwahoze ar'umushikiranganji wa mbere Silvio Berlusconi avuga kw'imigambwe yose ibwirizwa kugira ivyo iheberaniye igashinga leta.

Ariko umunyamakuru wa BBC ari iRoma avuga ko bishoboka ko haba amatora agira kabiri, kiretse Beppe Grillo n'umugambwe wiwe bemeye kuja mu runani.

Hagat'aho Ubufaransa n'Ubudagi vyasavye imigambwe y'Ubutaliyano gushinga leta idahungumba vyihuta.

Umushikiranganji w'Ubudagi ajejwe imigenderanire, Guido Westerwelle, yavuze ko Ubutaliyano bukwiye gukomeza ingingo zo kuzamura ubutunzi no kugabanya imyenda.

Mugenzi we w'Ubufaransa Pierre Moscovici, avuga ko isomo ryavuye ku Butaliyano ar'uko abategetsi ba Bulaya babwirizwa guha icizere abanyagihugu babo, co kuzamura ubutunzi.

Ivyo ngo bishoboka mu kubaronsa akazi no gutezura ingaruka z'igabanywa ry'amafaranga akoreshwa na leta n'iduzwa ry'ama taxes.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.