Muri M23 umuriro uraka

Ibiherutse kuvugururwa: 1 ukwa gatatu, 2013 - 15:30 GMT
drc refugges

Abahungiye muri Uganda baharugwa mu bihumbi

Abantu ibihumbi n'ibihumbi baraye barajabuka bava muri Congo baja mu gihugu kibanyi ca Uganda kugira bahunge intambara hagati y'imigwi ikebana mu muhari M23.

Ishami rya ONU ryitaho impunzi HRC rivuga ko rimaze guharura abantu barenga 4.500 bamaze gushika hakurya muri Uganda kuva ejo aho abo bakeba batanguriye gusubiranamwo.

Intambara zabandanije ku munsi ugira kabiri hagati y'imigwi ibiri yavutse mu muhari M23 kuva aho umukuru w'ishami rya gisirikare Sultani Makenga akuriye ku wa kane uwari arongoye ishami rya politike Jean Marie Runiga.

Amwagiriza gushigikira General Bosco Ntaganda aronderwa na sentare mpanavyaha mpuzamakungu ku vyaha vy'agahomerabunwa.

Uvugira ingabo ku ruhande rwa General Sultani Makenga Colonel Jean Marie Vienney Kazarama avuga ko hapfuye abantu benshi mu ngabo ku mpande zompi n'ubwo abuga ko ataramenya igitigiri.

Ingabo ziri inyuma ya Bosco Ntanganda zirongowe na general Baudouin Ngaruye.

Intambara zatanguriye ahitwa Kibumba , mw'ijoro zibandaniriza Cytanzo ku cicaro ca General Sultani Makenga.

Uko gusubiranamwo muri M23 gushobora gutuma ibiganiro vyariko birabera hagati y'uwo muhari na leta ya Congo ataco bishikako vuba mu kurondera inyishu kuri ico kibazo c'intanbara mu buseruko bwa Congo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.