Yvonne Basebya yagirwe n'icaha ca jenoside yo mu Rwanda .

Ibiherutse kuvugururwa: 1 ukwa gatatu, 2013 - 18:09 GMT
Yvonne Basebya

Abaye umunye Holandi wa mbere yagiriwe n'icaha ca jenoside yo mu Rwanda

Yvonne Basebya abaye umunye Holandi wa mbere yagiriwe n'icaha kijanye na jenoside yabaye mu rwanda mu 1994.

Yakatiwe gupfungwa gupfungwa imyaka itandatu n'amezi umunani kubera guhamagarira abantu gukore jenoside.

Yvonne Basebya w'imyaka 66 yagiye mu Buholandi mu 1998 bitaramenyekana ko hari ivyaha yakoze. yahanaguwe ko ibindi vyaha birimwo jenoside, kugandagura hamwe n'ivyaha vyo mu ntambara.

''yamagariye urwaruka kwica abatutsi mu manama, nk'uko bigaragazwa n'ururimbo yaririmvye,'Tuba Tsembe Tsembe', nk'uko vyavuzwe n'umucamanza Rene Elkerbout.

Yvonne n'umugore w'uwigeze kuba umushikiranganji muri leta y'uRwanda Augustin Basebya. yaciriwe urubanza nk'umunye Holandi ariko hari abandi bakekwako ivyaha barungitswe kuri sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho Urwanda ikorera Arusha TPIR/ICTR.

TPIR izorangiza ikiringo cayo mu 2014. Ivuga ko yarangije imanza zirenga 70 kuva ishingwa n'urwego rwa ONU rujejwe umutekano mu kwa 11 mu 1994 kugira iscire imanza abaza kw'isonga mu kwagirizwa jenoside.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.