Africa y'Epfo: hahagaritwe abapolisi bishe umushoferi

Ibiherutse kuvugururwa: 1 ukwa gatatu, 2013 - 13:26 GMT
South Africa

Abapolisi bamuboheye ku modoka barakwega

Abapolisi ba Africa y'Epfo bagirizwa urupfu rw'umushoferi wa taxi ava muri Mozambique yabohewe ku muduga agakwegwa mw'ibarabara bahagaritswe.

Amasanamu y'iryo bara yafashwe n'umuntu ahita aca yerekanwa kuri television. uwo muntu yahavuye apfa mu nyuma.

Umukuru w'igipolisi muri Africa y'Epfo Riah Phiyega yavuze ko ivyagaragaye muri video ari agahomerabumwa kandi bidashobora kwihanganirwa.

Bivugwa ko yari yahowe ko yari yahagaritse umodoka yiwe nabi ku buryo wabuza izindi kurengana.

uwo mushoferi Mido macia w'imyaka 27 yishwe n'ugukomereka mu mutwe hamwe no kuvira imbere nyuma yo gufatirwa Daveyton mu buseruko bwa Johannesburg nk'uko abasuzumye ubwa mbere ikiziga ciwe babivuze.

Bivugwa ko yari yahagaritse imodoka yiwe nabi ku buryo yabuza izindi kurengana. Iyo video yerekana abantu benshi bashengereye ubwo abapolisi bambaye umwambaro w'akazi bariko baramubohera ku muduga inyuma bagaca bagenda baramukwega mw'i barabara.

Umukuru w'igipolisi Phiyega yavuze ko abapolisi umunani bagirizw urwo rupfu bose bafashwe bakaba batswe n'ibigwanisho, n'umukuru w'ibiro vy'igipolisi muri ako karere akaba yakuwe muri ico kibanza.

Urwego rw'igipolisi muri Africa y'Epfo rwiyamirije inyifato y'abapolisi bakoze iryo bara.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.