Chad yemeza ko yishe Mokhtar Belmokhtar

Ibiherutse kuvugururwa: 3 ukwa gatatu, 2013 - 08:22 GMT

Mokhtar Belmokhtar

Mokhtar Belmokhtar azwi kw'izina ry'iritazirano rya "one eye" (jisho rimwe) akekwa ko yoba yarategetse kugaba igitero ku kibanza ca gaz co muri Algeria mu kwezi kwa mbere.

Abantu barenga mirongo itatu mu bari bagizwe imbohe n'intagondwa zigendera ku matwara ya islam baguye mur'ico gitero.

Igisirikare ca Chad, kiri mu ngabo ziri muri Mali ziyobowe n'Ubufaransa, cemeza ko Mokhtar Belmokhtar yishwe mu gitero cagabwe ku kigo c'izo ntagondwa.

Iyicwa ry'uwo mugabo ryatangajwe inyuma y'umunsi umwe gusa Chad imenyesheje ko yishe uwundi mukuru w'umutwe wa Al Qaeda mu buraruko bwa Afrika, Abu Zeid.

Nta n'umwe mur'aba bompi aremezwa n'uruhande ataho rwegamiye ko yapfuye.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.