Umwana yakize umugera wa SIDA kubera gufata imiti kare

Ibiherutse kuvugururwa: 4 ukwa gatatu, 2013 - 12:56 GMT
Umugera wa SIDA

Umugera wa SIDA (HIV) wica ububushobozi bwo kwigwanira b'umubiri

Umwana w'umukobwa yavukanye umugera wa SIDA muri Amerika asa n'uwakize uwo mugera kubera guhabwa imiti ipfupfahaza hakiri kare cane nk'uko abanganga babivuga.

Uwo mwana wo muri Mississipi ubu afise imyaka ibiri n'amezi atandatu unu akaba amaze hafi umwaka ata miti afata kandi akaba ata bimenyetso vy'indwara arasubira kwerekana.

Haracakenewe ibipimo vyo kwerekana ko iyo miti ihawe umwana akivuka ishobora gukora no ku bandi.

Hakmwe uwo mwana yogumana amagara meza, yoba abaye uwugira kabiri akize.

Gushika ubu nta muti wa SIDA uraboneka. Kuba uwo mwana w'umukobwa wo muei Amerika yahawe imiti akivuka none akaba ata bimenyetso vya SIDA yerekana ntibisigura ko hoba hatowe uwo muti.

N'ubwo ivyo bitanga ingoga, n'ukubanza kurindira kuraba ko ubwo buryo bwotuma indwara igenda burundu. Abahinga bavuga kandi ko ubwo buryo butokora mu bana bakuze noku bantu bakuze kuko umugera uba umaze kubashingamwo imizi cane.

Abanganga bavuga ko kwikingira kwandura ariyo nzira nziza kuruta yo kurwanya SIDA.

Iyo umugore afise inda ahawe imiti yo gupfupfahaza hanyuma agakorwa neza mu kuvyara kandi ntiyonse, abana baba bafise amahirwe 98% yo kutavukana umugera.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.