Kenya: impari ku majwi y'impfagusa

Ibiherutse kuvugururwa: 6 ukwa gatatu, 2013 - 19:44 GMT
Kenya vote counting

Guharura amajwi vyatevye kubera ingorane z'ubuhinga bwa none bukoreshwa

Uwuza imbere mu majwi mu matora y'umukuru w'igihugu, Uhuru Kenyatta, ariko aragana n'ingingo y'umugwi ujejwe amatora yo gushira mu gitigiri amajwi yabaye impfagusa.

Ayo majwi aharuwe bishobora gutuma yaba yawe yaba uwo bageranye cane mu bo bahiganwa Laila Odinga , atawuronka amajwi akwiye yo buza ko haba ikiringo ca kabiri c'ihiganwa.

Uwo bari kumwe na Uhuru Kenyatta mu kwitoza William Ruto yavuze ko abaserukira ibihugu vyabo aribo bashobora kuba boheje umugwi ujejwe amatora mu gufata iyo ngingo.

Gushika ubu ku majwi bariko baeasubiramwo gusuzuma neza Uhuru Kenyatta aza imbere ya Raila Odinga

Kenyatta na Ruto bompi bagirijwe na sentare mpanavyaha mpuzamakungu kuba baragize uruhara mu ntureka zakurikiye amatora yaheruka mu 2007.Bompi barahakana akabi.

Uguharura amajwi vyaratevye cane kubera ingorane zijanye n'ubuhinga bwa none buriko burakoreshwa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.