Man United:isezeye Champions League

Ibiherutse kuvugururwa: 6 ukwa gatatu, 2013 - 14:38 GMT
Sir Ferguson

Umunyereza wa Manxhester United yarababajwe cane n'ikarata itukura yahawe Nani

Umumenyereza wa Manchester United Sir Ferguson yariko yariyambaguye gushika aho vyanka ko avugisha abanyamakuru aho umugwi wiwe uviriye muri Champions League nyuma yo kuvanwwmwo na Real Madrid ku kibuga ca Old Trafford.

Ferguson vyaraboneka ko yari arakariye umuhagarikizi w'urukini aturuka muri Turkia Cuneyt Cakir aho akuriyr mu rukino Nani amuhaye ikarata itukura ku mupira wo mu kirere bagwaniye na Alvaro Arbeloa wa Real ku munota wa 56, gushika aho United ikaba yari imbere ku gitsindo Sergio Ramos yiyinjije.

Real yaciye ifatira kuri ico gihengeri mu kwinjiza ibizindo bibiri vyihuta vya Luka Modric na Christiano Ronaldo yari agarutse Old Trafford gutyo Real ica itsinda 2-1 muri iryo joro na 3-2 mu nkino zompi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.