Kenya: Kenyatta yatsinze amatora ariko Odinga ntavyemera

Ibiherutse kuvugururwa: 9 ukwa gatatu, 2013 - 14:03 GMT
Uwugiye kuramutswa Kenya, Uhuru Kenyatta

Uwugiye kuramutswa Kenya, Uhuru Kenyatta

Umugwi ujejwe amatora muri Kenya watangaje ko Uhuru Kenyatta ariwe yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu.

Bwana Kenyatta yatumye hataba ingunga ya kabiri y'amatora mu gutsinda arengejeko amajwi makeyi cane kuri mirongitanu arenga akenewe, akaba yashika ku 50,07 kw'ikana.

Uwo bahiganwa Raila Odinga yavuze ko habaye utunenge mu matora, avuga ko azokwitwara muri sentare nkutu mu kwiyamiriza ivyavuye mu matora.

Umukuru w'umugwi ujejwe amatora, Issac Hassan, yavuze ko umugwi w'amatora ushima ingene yagenze, ngo yabaye ku mugaragaro naho habaye ibibazo vy'ubuhinga.

Yavuze ko abitavye amatora bashika ku bice mirongo umunani na bibiri kw'ijana, batari bwaboneke mu mateka ya Kenya.

Bwana Kenyatta afise urubanza kuri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, yagirizwa guteza ubwicanyi bwakurikiye amatora yo mu 2007.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.