Burundi: abanyepolitike bahungiye hanze bitavye ibiganiro

Ibiherutse kuvugururwa: 11 ukwa gatatu, 2013 - 18:27 GMT
Burundi flag

Uburundi buzosubira mu matora mu 2015

Abaserukira imigambwe yemewe n'amategeko batanguye inama yo kwiheza ingene amatora yo mu mwaka wa 2010 yagenze kugira hashobore gutegurwa amatora yo mwaka wa 2015.

Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD na Pascaline Kampayano avuga ko arongoye UPD, batahutse ku wa gatandatu bitavye iyo nama.

Bari mu bari bahunze inyuma y'amatora yo mu 2010 baciriye hagati bavuga ko ariko arabamwo ubusuma.

Iyo nama yatunganijwe n’ ibiro vya ONU mu Burundi benshi barindiriye ikizoyivamwo mu gihe hasigaye imyaka ibiri kugira ngo abarundi basubire mu matora yo mu 2015.

Iyo nama niyo ya mbere ibaye ihuza reta n’ imigambwe yose harimwo n’ abanyepolitike bamwe bamwe bari bahunze igihugu inyuma y’ amatora yo mu mwaka wa 2010. Uretse rero abarongoye imigambwe bari basanzwe mu gihugu, iyo nama yitabwe n’ abanyepolitike batahutse ku munsi wa gatandutu , Alexis sinduhije arongoye umugambwe MSD, na Pascaline Kampayano wa UPD zigamibanga.

Abandi bahunze nka Leonard Nyangoma arongoye umugambwe CNDD na Agathon Rwasa avuga ko arongoye FNL barungitse ababaserukira .

Umunyamabanga mukuru wa onu Ba ki Moon avuga ko ibiganiro vya politike bihambaye n’ imbere y’ amatora ,akizera ko ibi biganiro bizotuma abarundi batora inzira irashe ishikana uburundi kw’ intwaro rusangi n’ iterambere, nk'uko biri mw'ijambo yarungikiye abitavye ivyo biganiro.

Muri iyi minsi itatu, abo banyepolitike n’ amashirahamwe atagwanira inyunngu za politke bazorabira hamwe ingene amatora yagenze mu mwaka wa 2010, bongere barabe ingene amatora ya 2015 yogenda neza.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.