Evrard Giswaswa mu munyororo

Ibiherutse kuvugururwa: 11 ukwa gatatu, 2013 - 19:08 GMT
Isoko ya Bujumbura

Isoko ya Bujumbura yadutsemwo umuriro irasha hafi yose kuri 27/01/2013

Evrard Giswaswa yahoze ari umukuru w'igisagara ca Bujumbura ubu akaba yari umukuru wa kompanyi ya leta yo gutwara abantu n'indege Air Burundi kuri uyu wa mbere araye mw'ibohero.

Yafashwe n'umugwi uriko urakra amatohoza ku bijanye n'umuriro wadutse ugaturira isko nkuru ya Bujumbura itariki 27 ukwezi kwa mbere uyu mwaka.

Ku bw'umukuru wa APRODH ishirahamwe rikurikirana agateka ka zina muntu n'akabapfunzwe APRODH, Evrard Giswaswa ngo yoba akurikiranwa n'uko igihe yari umukuru w'igisagara hagumye hatangwa impapuro ku bantu baja kwiyongera gucururiza mw'isoko nkuru gushika n'aho amayira yose yociyemwo uburya bwo kurwanya impanauko atari agishobora guhita.

Asanze mw'ibohero uwari umuyobozi mukuru w'iyo soko Cyprien Horugavye.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.