Burundi:kwa Zebiya hishwe 6

Ibiherutse kuvugururwa: 12 ukwa gatatu, 2013 - 15:01 GMT
Burundi map

I Businde ni mu ntara ya Kayanza

Abantu nibura batandatu bishwe igihe abapolisi batana mu mitwe n'abaja gusengera ahitwa kwa Zebiya yemeza ko abonekerwa na Bikira Maria uko itariki ya 12 ya buri kwezi igeze.

''Abo bantu n'abanyagihugu 2 bava i Bujumbura, 1 ava mu i Ngozi, 1 ava i Karuzi, uwundi mu Kayanza n'uwundi ava i Mwaro'' nk'uko vyemezwa na Athanase Mbonabuca , umukuru w'intara ya Kayanza.

Hakomeretse n'abapolisi babiri.

Ivyo vyabareye ku musozi wa Businde aho abantu benshi bamaze imyaka irenga ibiri bahahurira gusenga na cane cane Zebiya akabahishurira ivyo avuga ko abwirwa na Bikira Mariya mu gihe aba ariko aramubonekera.

Abandi bantu barenga 30 bakomeretse.

Abapolisi bari bamaze igihe barabujije ko hari abasubira guhurira aho hantu ku mvo z'umutekano.

Umukuru wa Kayanza avuga ko abo bantu bagira inyifato yo kudurumbanya umutekano.

Mu kwezi kw'icumi bamwe muri abo barateye paroisse ya Rukago abantu barakomereka.

Diocese ya Ngozi irimwo na Ngozi yavuze aho hantu ata cerekana ko ari heranda kuko ngo hari uburyo eklezia katolika isanzwe ikoreha kugira yemeze ko ahantu ari heranda.

Mu Burundi abanyagihugu benshi n'aba kristu na cane cane b'aba katolika.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.