Vatikano: Nta mu Papa mushasha aratorwa

Ibiherutse kuvugururwa: 13 ukwa gatatu, 2013 - 11:36 GMT
Umwotsi wirabura useruka mu gahora kw'isengero Sistine

Umwotsi wirabura useruka mu gahora kw'isengero Sistine

Umwotsi wirabura wasubiye gusohoka mu gahora kubatse hejuru y'isengero rito rya Sistine i Roma, bikerekana ko aba cardinal bariyo batarashobora kwumvikana ku mu Papa mushasha.

Iyo haza umwotsi wera, vyari kwerekana ko umurongozi mushasha w'ishengero Gatorika yatowe.

Aba cardinal bategerezwa kugira amatora ashika kuri ane ku munsi, gushika bibiri vya gatatu vyabo bahurije kw'izina rimwe ry'umu Papa mushasha.

Aba cardinal bagize itora ryabo rya mbere ataco ryavuyemwo ejo kuwa Kabiri mw'ijoro.

Uwuza gutorwa wese ngo arongore ishengero Gatolika ry'aba Romani, azoshikira mu bibazo bikomeye, bigizwe n'ibikoza soni vyamenyekanye hamwe n'indyane zo hagati.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.