Umusore w'umunye Tunisia yituriye yapfuye

Ibiherutse kuvugururwa: 13 ukwa gatatu, 2013 - 12:41 GMT
Abajejwe gutabara ntibashoboye gukiza Adel Khadri

Abajejwe gutabara ntibashoboye gukiza Adel Khadri

Umusore w'umunye Tunisia w'umushomeri yituriye ejo bivugwa ko yishwe n'ibikomere yatewe n'ubushe.

Umuganga wo kubitaro uwo musore Adel Khadri yariko aravurirwako ubushe bw'ikirenga, yavuze ko yapfuye mu gitondo c'uno munsi.

Bwana Khadri yituririye hagati mu murwa mukuru wa Tunisia ejo kuwa Kabiri, abigira yiganye Mohamed Bouazizi nawe nyene yituriye bigateza imigumuko yo kwiyamiriza ubutegetsi, yakwiye hose mu bihugu vy'abarabu ubu haciye imyaka ibiri.

Urupfu rwiwe ruje mu gihe hari uruhagarara muri politike ya Tunisia nyuma y'iyicwa ry'umukuru w'abatavuga rumwe na leta.

Inama nshingamateka imaze kwemeza leta nshasha igamije guhosha uruhagarara mu matora yo kuyigirira icizere.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.