Vaticano yiyamirije "abatyoza" Papa Fransis

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa gatatu, 2013 - 14:34 GMT
Papa Francis

Papa Francis

Ibiro vya Papa Francis i Vaticano bivuga ko ari kumutyoza kuvuga ko atakoze ibihagije mu gukingira abapatiri babiri banyurujwe bagakubagurwa n'intwaro y'igisirikare muri Argentine haciye imyaka 30.

Umuvugizi wa Vaticano, patiri Federico Lombardi, yavuze ko ata vyagiriji vyizewe na bimwe vyigeze bigaragazwa bishinja Papa Francis muri ico gihe.

Yavuze ko ivyo ari ibivugwa n'abashaka kwifatira mu gahanga ishengero.

Vaticano yavuze ko akiri patiri mukuru, uwahoze ari George Bergoglio yagerageje gukingira abahohoterwa, abaye umusenyeri naho aja imbere mukuzana ubwiyunge.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.