Burundi: Inama nkuru y'umutekano ivuga ko "aba Zebiya" ari abagumutsi

Ibiherutse kuvugururwa: 20 ukwa gatatu, 2013 - 17:31 GMT
Abayoboke ba Zebiya i Businde mu Kayanza, nyuma yo guhangana n'abapolisi

Abayoboke ba Zebiya i Businde mu Kayanza, nyuma yo guhangana n'abapolisi

Inama nkuru y’umutekano mu Burundi imenyesha ko Zebiya, umwigeme avuga ko abonekerwa, n’abayoboke biwe bategerezwa gufatwa nk’abagumutsi kuko badakurikiza amategeko.

Abantu indwi baritavye Imana mu mishamirano yabaye hagati y’abayoboke b’uwo mwigeme n’igipolisi mu ndwi iheze i Businde mu ntara ya kayanza.

Inama nkuru y’umutekano mu Burundi igasaba ko haba amatohoza ataho yegamiye, mu gihe batatu mu bapolisi baza barahagaritswe ku mvo z’amatohoza.

Inama nkuru y’umutekano ivuga ko ibabajwe n’ivyo yise akaguma kabereye i Businde mu ntara ya Kayanza mu ndwi iheze kahitanye abantu indwi, ikagereranya abayoboke ba Zebiya Ngendakumana umwigeme avuga ko abonekerwa na Bikira Mariya, n’ingabo zitagira umutware.

Mw’itangazo yashize ahabona, inama nkuru y’umutekano mu Burundi ivuga ko Zebiya n’abayoboke biwe biyadukije mu gushinga ishengero ritemewe n’amategeko ngo kuko Ekleziya Gatolika yaramwihakanye.

Zebiya rero n’abamuyoboka ngo bafatwa nk’abagumutsi.

Amajambo atashimwe na bose

Iyo nama nkuru y’umutekano isaba ko amatohoza kuvyabaye yoba ningonga kandi ata gitsure.

Igipolisi caratunzwe urutoke ko citwaye nabi muri ako kaguma, mu gukoresha inguvu zirenze urugero nko mu kurasa mu banyagihugu batitwaje ibirwanisho.

Abashikiranganji babiri, uw'intwaro yo hagati n'uw'umutekano, barishikiye aho iryo bara ryagwiriye barashikiriza amajambo atashimishije bose, kuko umwe yasa n’uwugereranya abayoboke ba Zebiya n’intagondwa za Boko Haram muri Nigeria, mu gihe uwundi yashima igikorwa c’igipolisi.

Abajejwe intwaro bari barasavye Zebiya n’abayoboke biwe kwubahiriza amategeko ya Ekleziya n’ay'igihugu, bakareka kuza baraja gusengera mu kibanza c’i Businde nk'uko bahora babigira itariki cumi na zibiri buri kwezi.

Abarongoye diyoceze ya Ngozi, ako gace gakukira, bavuga ko ata na kimwe cemeza ko aho hantu ari heranda.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.