Umukuru w'ishengero ry'Ubwongereza yimitswe

Ibiherutse kuvugururwa: 21 ukwa gatatu, 2013 - 16:02 GMT
Archibishop Justin Welby

Umukuru mushasha w'ishengero ry'Ubwongereza Justin Welby

Umukuru mushasha w'ishengero ry'Ubwongereza Archeveque Justin Welby yashikirijwe amabanga icese kuri uyu wa kane mu birori vyabereye Canterbury.

Ivyo birori vyari bivanze ivya kera n'ivy'ubu.

Harimwo indahiro idahara ya musenyeri mukuru Justin Welby afashe bibiliya imaze imuyaka irenga igihumbi ariko hakabamwo kandi abatamvyi b'abanyafirca n'abacuraranzi bo muri Bunjab.

Umuganwa Charles n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza david Cameron bari mu bantu ibihumbi bibiri bari bitavye ivyo birori.

Umungere wa Eklezia Katolika Papa Francis yarungitse ubutumwa bwo gukeza Musenyeri mukuru Justin Web avuga ko yizeye ko bazobonana vuba.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko uwo mugabo yahora akora mu gisata c'ibitoto agiye gutwara ishengero ritumvikana ku bibazo vy'uko abagore bogirwa abepiskopi n'ic'abagabo canke abagore bagirana imibonano mpuzabistinda n'abagabo canke abagore nkabo.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko ico uwo muyobozi mushasha azokwihatira ar'uko ishengero ry'Ubwongereza ni ry'Abanglikani ritocikamwo ibice.

Abanglikani baharugwa kuba bashika hafi milioni 80 kw'isi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.