Uburusiya ngo ntibwatereranye Chypre

Ibiherutse kuvugururwa: 22 ukwa gatatu, 2013 - 12:25 GMT

Umuntu ariko arondera amafaranga mu mashini

Umushikiranganji w'ikigega ca leta wa Chypre yavuye Moscow atacizere aronse ko ashobora kubona amafaranga yofasha kuramira igihugu ciwe mu gihe kiri mu kaga k'ubukene bw'amafaranga.

Umushikiranganji wa mbere w'Uburusiya yavuze ko abategetsi ba Chypre bobanza gushika ku mwumvikano na bagenzi babo bo mw'ishirahamwe rya Bulaya.

Bwana Mdvedev yavuze ko Uburusiya bucuguruye imiryango kuri Chypre kugira bakomeze kuganira ku buryo bushoboka bwo kubafasha, ariko bamaze kumvikana n'ibindi bihugu binywanyi vy' ishirahamwe rya Bulaya.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.