Ntaganda mu maboko ya sentare y'iLa Haye

Ibiherutse kuvugururwa: 22 ukwa gatatu, 2013 - 13:03 GMT

General Bosco Ntaganda

Bosco Ntaganda agiye kubazwa ku vyaha vyo mu ntambara n'ivyaha vyo gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu.

Sentare mpuzamakungu ivuga ko yitanze ku bushake mu muji wa Kigali.

Bosco Ntaganda arerwa ivyaha vyakorewe mu buseruko bwa Congo mu gihe c'intambara hagati y'umwaka w'ibihumbi bibiri na kabiri n'ibihumbi bibiri na gatatu.

Ivyo vyaha birimwo gukwegera abana mu ntambara, kugaba ibitero ku banyagihugu, ubwicanyi, gufata abagore ku nguvu no kubakoresha ubucakara bufatiye ku gitsina.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.