Nigeria:ibitero vyahitanye 25 muri Ganye

Ibiherutse kuvugururwa: 23 ukwa gatatu, 2013 - 23:41 GMT

NIgeria

Ibitero vyagabiwe icarimwe mu bibanza bitandukanye vy'umuji wa Ganye hafi y'urubibe na Cameroun.

Ivyo bitero vyagabwe ku munsi wa gatanu, ariko igitigiri c'abo vyahitanye camenyekanye kuwa gatandatu.

Nta murwi uremeza ko wagavye ivyo bitero, ariko igipolisi gitunga agatoke Boko Haram, umutwe w'intagondwa z'aba islam.

Umukuru w'igipolisi muri leta ya Adamawa, avuga ko hamaze kumenyekana ko bapfuye ari 25, barimwo umukuru w'ibohero, umupolisi hamwe n'umunyapolitike.

Abagavye ivyo bitero bagiye barekuje igitigiri kitamenyekanye c'abanyororo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.