Ubufaransa bwemeza urupfu rwa Abou Zeid

Ibiherutse kuvugururwa: 23 ukwa gatatu, 2013 - 15:45 GMT

Abou Zeid

Abdelhamid Abou Zeid yari umugaba mukuru akomeye mu muhari Al-Qaeda mu karere ka Maghreb(AQIM).

I

kinyamakuru c'abafaransa Le Monde caheruka kumenyesha ko ibipimo vy'uduce ndangakamere bita DNA/ADN vyatumye amenyekana ko yapfuye.

Ingabo za Chad zifatanije n'izo abafaransa mu ntambara yo muri Mali, zari zemeje ko zamwishe.

Perezida w'Ubufaransa yemeje ko Abdelhamiud Abou Zeid yishwe inyuma y'igitero cagabwe n'ingabo z'abafaransa Adrar mu misozi ya Ifoghas.

Ariko ivy'urupfu rwa Mokhtar Belmokhtar ntibiremezwa neza.

Abarwanyi bagendera ku vyiyumviro vya islam biufatiye uburaruko bwa Mali kuva mu mwaka uheze, inyuma y'itembagazwa ry'ubutegetsi mu murwa mukuru Bamako

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.