Boris Berezovsky yapfuye giturumbuka

Ibiherutse kuvugururwa: 24 ukwa gatatu, 2013 - 09:17 GMT

Bwana Berezovsky yar'afise imyaka 67 yaraye atowe ikiziga mu nzu yiwe mu Bwongereza, urwo rupfu rugafatwa nk'urudasobanutse.

Uyu mutunzi ruhebwa w'umurusiya, yimukiye mu Bwongereza mu 2000, amaze kudacana uwaka na perediza w'Uburusiya.

Yegeranije itunga rikomeye mu myaka ya 1990, ubutunzi bwa leta bumaze gushirwa mu minwe y'abikorera utwabo.

Yarusinvye incuro nyinshi aho yahatswe kugandagurwa, harimwo igihe igisasu caciye umutwe umushoferi wiwe.

Mu 2003, yahawe ubuhunzi mu Bwongereza, kubera ubuzima bwiwe bwari bugeramiwe n'Uburusiya.

Ubutunzi bwiwe vyari bimaze kuvurwa ko bumaze kugabanuka cane.

Ikiziga ciwe catowe kuwa gatandatu ku mugoroba mu cumba co kwiyuhagira.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.