Abarwanya leta ya Mali bateye Gao

Ibiherutse kuvugururwa: 24 ukwa gatatu, 2013 - 20:50 GMT

Umusirikare wa Mali

Igisirikare ca Mali cemeza ko casubije inyuma abarwanyi bamaze gutana mu mitwe mu kiringo c'amasaha abiri.

Avuga ko abo barwanyi baciye mu ryahumye igisirikare ku munsi wa gatandatu, mu kwinjira mu muji wa Gao.

Abanyagihugu bo muri Gao nibo bavuze ko bababonye mu gisagara.

Abarwanyi bagendera ku mategeko akaze ya islam bazanye amategeko ya sharia mur'ico gisagara mu mezi icumi bahamaze.

Umukuru w'igisagara ca Gao Sadou Diallo, avuga ko abo barwanyi batanguye intamabara ahitwa quatrieme quartier, biruka bamaze gutana mu mitwe n'igisirikare.

Hari uwundi murwi uvurwa ko waciye ku ruzi mu kwinjira, ariko nawo ngo wasubijwe inyuma.

Nta gitigiri c'abahasize ubuzima cashotse gitangwa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.