Chipre yakuwe mu manga

Ibiherutse kuvugururwa: 25 ukwa gatatu, 2013 - 12:53 GMT
Abiyamiriza ingorane z'ubutunzi muri Chipre

Abiyamiriza ingorane z'ubutunzi muri Chipre

Igihugu ca Chipre cashitse ku mwumvikano ku munota wa nyuma wo kwikura mu kaga k'ubutunzi kari gutuma amabanki yaco ahomba kikanava mu mugwi wa Euro.

Chipre yemeye kuronswa amahera imiriyaridi cumi z'ama Euro yo kwifashisha nyuma y'ibiganiro bikomeye i Bruxelles hamwe n'abatanga inguzanyo bo hirya ni hino mu makungu, ariko ico gihugu kizogomba co konyene kurondera imiriyaridi zitandatu.

Abaziganya bafise amahera arenga ibihumbi ijana vy'ama euro mu mabanki abiri makuru, bagizwe ahanini n'Abarusiya, bazogira igihombo kinini, ariko abaziganya amahera make nta gihombo bazogira.

Ibanki igira kabiri mu gihugu cose, Laiki, izokwugarwa.

Umukuru w'igihugu w'Uburusiya, Vladmir Putin, yategetse ko haba isubirwamwo ku bijanye n'ideni ry'amahera imiriyaridi zibiri n'igice Uburusiya bwahaye Chipre ubu haciye imyaka ibiri.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.