Umukuru w'ibanki ya Chypre yatanze imihoho

Ibiherutse kuvugururwa: 26 ukwa gatatu, 2013 - 13:35 GMT

Ibanki nkuru ya Chypre

Amakuru ava muri Chypre avuga ko umukuru w'ibanki ya Chypre yanse ingingo iyo banki yategetswe gukwirikizwa.

Umushikiranganji w'ikigega ca leta wa Chypre Michael Sarris, yavuze ko agiye kuvugana n'abayoboye ama banki, kugira barabe uko bobogora ayo mabanki.

Yabiwye BBC ko mabanki azosubira kwugurura ku munsi wa kane, ariko agabisha ko ibijanye no kwimura amafaranga ku ma konti vyo bizoguma ku rugero ruto cane.
Ivyo kandi ngo bizomara indwi zitari nke.

Amashure menshi aharurwa mu majana yatunganije imyiyerekano imbere y'inama nshingamateka yiyamiriza ingingo zafashwe mu kuramira ubutunzi bwa Chypre.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.