Chypre yasubiye kwugurura ama banki

Ibiherutse kuvugururwa: 28 ukwa gatatu, 2013 - 11:21 GMT
Cyprus

Ntawemerewe kubikura ayarenga ama euros 300

Amabanki ya Chypre yasubiye kwugurura inyuma y'indwi hafi zibiri yugaye kubera ibiganiro vyo gusaba ideni mpuzamakungu yo kuyagarukira.

Ntawurekiriwe kubikura amafaranga arenga ama euros amajana atatu ($380) ku munsi kubera ingingo ruhasha zijanye n'iyo ngurane mpuzamakungu.

Igihe inyango yugururwa, abantu bari ku mirongo basunikanye ariko ntihari cane nk'uko abantu bari bavyiteze.

Leta ya Chypre kandi nyashinze igitigiri ntarengwa c'amafaranga ashobora kujanwa hanze, co kimwe no gukoresha ikarata z'amafaranga hanze y'igihugu.

Izo ngingo zafashwe kugirango abantu ntibace bavana amafaranga yabo muri Chypre ngo bayajane mu bindi bihugu kubera umuntu wese afise amafaranga arenga ibihumbi ijana vy'ama euros muri banki hari amafaranga azotegerezwa kuvanwako.

Izo ngingo n'iz'igihe gito kandi ngo zizoja zirasubirwamwo ku munsi ku munsi.

Uko kubuza ko amafaranga itembara ata nkomanzi birenga ku ngingo ishirahamwe rya Bulaya nk'uko bivugwa n'abanyamakuru.

Ariko abarongoye iryo shirahamwe basiguye ko kugira amabanki n'amasoko y'amafaranga aronke amaragamo, bikeneye ko hafatwa ingingo zirenze uko ibintu vyari bisanzwe bigenda.

Cyypre kibaye igihugu ca mbere co mw'ishirahamwe rya Bulaya gishinze igenzurwa ry'uruja n'uruza rw'amafaranga.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.