Sentare ntahinyuzwa muri Kenya yemeje intsinzi ya Uhuru

Ibiherutse kuvugururwa: 30 ukwa gatatu, 2013 - 15:11 GMT
Umukuru w'igihugu mushasha wa Kenya, Uhuru Kenyatta

Umukuru w'igihugu mushasha wa Kenya, Uhuru Kenyatta

Sentare ntahinyuzwa muri Kenya yemeje ko Uhuru Kenyatta ariwe yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu, isubiza inyuma ikirego ca Raila Odinga.

Bwana Kenyatta yaronse intsinzi arushije Odinga amajwi make cane, ariko nta ngunga ya kabiri y'amatora yakenewe.

Raila Odinga yari yashikirije ikirego muri sentare avuga ko habaye ubusuma mu matora, akavuga ko amajwi ya Kenyatta yongerejwe.

Abantu barenga igihumbi barishwe mw'itana mu mitwe ryabaye haciye imyaka itanu nyuma y'amatora, ariko amatora y'uno mwaka yaranzwemwo umutekano.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.