Kenya: Umutekano wakajijwe nyuma y'ingingo ya sentare ku matora

Ibiherutse kuvugururwa: 31 ukwa gatatu, 2013 - 13:31 GMT
Abacamanza ba sentare ntahinyuzwa ya Kenya

Abacamanza ba sentare ntahinyuzwa ya Kenya

Igipolosi muri Kenya cakajije umutekano nyuma y'ingingo ya sentare ntahinyuzwa yo kwemanga intsinzi ya Uhuru Kenyatta.

Nta bintu bikaze vyabaye mw'ijoro naho hari uruhagarara.

Haradutse akaguma ubwo nyene sentare imaze kumenyesha ingingo yayo, hapfa abantu babiri abandi benshi barakomereka mu muji wa Kisumu uri mu burengero, ahaba benshi bashigikiye Raila Odinga.

Igipolisi kivuga ko ibintu i Kisumu vyasubiye mu buryo.

Bwana Odinga yavuze ko azokwubaha ingingo ya sentare ngo ariko azorondera ubundi buryo bwo gutorera umuti ikibazo aciye mu nzira y'umutekano.

Yahamagariye abamushigikiye kwirinda gusesa amaraso.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.