Korea ya ruguru mw'igerageza rya nuclear

Ibiherutse kuvugururwa: 2 ukwa kane, 2013 - 12:39 GMT

Ikibanza c'inguvu za nuclear ca Korea ya ruguru

Ikibanza ca Yongbyon, cari cugawe mu 2007 biturutse ku mwumvikano ufatiye ku guhagarika gukora ibirwanisho, gishobora gukora plutonium ikoreshwa mu gukora ibisasu vya "bombe atomique".

Korea ya ruguru yatangaje ivyo gusubira gukoresha ico kibanza ca Yongbyon mu gihe hasanzwe icuka kibi hagati ya Korea zompi.

Korea ya ruguru ikangisha ibitero Korea y'epfo, nayo Leta zunze ubumwe za Amerika nazo zikarungika indege zihambaye kuja gushigikira Korea y'epfo.

Korea ya ruguru ivuga ko gusubira kuvyura ico kibanza c'inguvu za nuclear ca Yongbyon, bizotuma yongereza ubushobozi bwayo bwa nuclear bikayunganira mu gukemura ikibazo c'ubukene bw'umuyagankuba.

Ubushinwa, igihugu kinywanyi rudende ca Korea ya ruguru, kimenyesha ko kitanezerejwe n'ivyatangajwe na Korea ya ruguru.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.