Mandela ariko aratora mitende

Ibiherutse kuvugururwa: 3 ukwa kane, 2013 - 11:40 GMT
Mandela

Mandela amaze indwi irenga mu bitaro

Nelson Mandela ariko aratera imbere neza mu gutora mitende aho ariko aravugwa indwara y'amahaha yasubiye kumufata, nk'uko abaganga biwe babivuga.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu yavuze mw'itangazo ko Nelson Mandela yaramukijwe n'umuryango wiwe mu gihe abandanya kworoherwa.

Itangazo ryavuze ko imiti iriko iramugwa neza kandi yari emeze neza kuruta igihe yajanwa mu bitaro kw'itariki 27 ukwezi kwa gatatu.

Bugize kane Mandela aja mu bitaro mu myaka ibiri.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri yari yagiye mu bitaro kubera indwara y'amahaha n'utubuye twibumbira mu gasaso k'umukoyo, ico gihe akaba ariho yamaze igihe kirekire mu bitari kuva yava mu munyororo mu 1990.

Mu ndwi iheze , uwo mutama w'imyaka 94 baramuvomye amazi mu mahaha aho ari mu bitaro gushika izina ryavyo ryagumye mw'ibanga.

Gushika nta kivugwa ku kiringo ashobora kumarayo.

Mandela niwe yabaye umukuru w'igihugu wa mbere w'umwirabure kuva mu 1994 gushika 1999 akaba afatwa nk'umuvyeyi w'igihugu cose kubera uruganba yagize rwo kurwanya intwaro mvanguramoko y'abazungu, apartheid.

Aho apfunguriwe yarababariye abahora aroi abansi biwe aca ahamagarira abanye Africa y'epfo bose kwiyunga no gusubiza hamwe.

MU 1993 yarahawe agashimwa k'amahoro kitiriwe Nobel.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.