Pyongyang:abaserukira ibihugu bavane abakozi babo mu gisagara

Ibiherutse kuvugururwa: 5 ukwa kane, 2013 - 13:40 GMT
Gucungera ibisasu

Korea y'Epfo ivuga ko ari ukwama igavye

Korea ya Ruguru yabwiye abaserukira ibihugu vyabo i Pyongyang harimwo Uburusia n'Ubwongereza gutangura kwiyumvira kuvana abakozi babo muri ico gisagara.

Ivyo bisabwe mu gihe inkuru zitaremezwa ziva muri Korea y'Epfo zivuga ko Korea y'Epfo zivuga ko iya Ruguru yashize ibisasu bibiri vya missile birasa ahatari kure cane ku vyuma bibitera kandi bishobora kuvanwa hamwe bikanwa ahandi.

Iyo ibaye ntera nshasha y'icuka kiguma kiba kibi kuruta hagati ya Korea zompi.

Hagati aho Korea y'Epfo yasohoye ubwato bubiri bw'intambara buriko ubuhinga bwo kwikingira ibitero vya missile , umunsi umwe inyuma yaho Korea ya ruguru ishobora kuba yajanye igisasu ca missile ku nkengera yo mu buseruko.

Abategetsi ba gisirikare muri Korea y'Epfo babwiye abamenyeshamakuru ko ubwo bwato buja kurungikwa ku nkengera zo mu buseruko no mu burengero.

Ariko Seoul ntiyatewe ubwoba cane n'ico gisasu Korea ya ruguru yunguruje, abategetsi ba Korea y'epfo bakibaza ko ahanini zishobora kuba ari ku mvo zo kugerageza ico gisasu.

Muri iyi minsi iheze Korea ya Ruguru yagumye ishiriza amajambo yo gukangira no guhiga na cane cane ko izogaba ibitero kuri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Kimwe mu bibanza Pyongyang yavuze ko yoherako mu gutera n'izinga rya Guam riri mw'ibahari Pacifique ririko ikambi ya gisirikare y'abanyamerika.

Kuri uyu wa kane abanyamerika baremeje ko bazoshira kuri iryo zinga uburyo bwo kwirinda missile nk'inyishu kuri iryo kangira rya Korea ya ruguru.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.