Margaret Thatcher yapfuye

Ibiherutse kuvugururwa: 8 ukwa kane, 2013 - 14:02 GMT
Margaret Thatcher

Margeret Thatcher yabaye ministre wa mbere w'Ubwongereza hagati ya 1979 na 1990

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Margaret Thatcher yapfuye afise imyaka 87, nk'uko vyamenyeshejwe n'umuvugizi wiwe.

Lord Bell yavuze ati: ''Mark na Carol Thatcher baramenyesheje n'umubabaro mwinshi ko nyina wabo Baroness Thatcher yapfuye mu mahoro ahitanywe n'ingorane z'amaraso vyanse ko ashika mu bwonko''.

Umwe mu bamusubiriye David Cameron yavuze ko yari 'umwongereza akomeye', nawe umwamikazi yavuze ko urupfu rwiwe rubabaje.

Margaret Thatcher yabaye ministre wa mbere w'Ubwongereza w'umu 'conservateur' hagati ya 1979 na 1990. Niwe yari abaye umugore wa mbere agiye muri ico kibanza.

Nta cubahiro c'igihugu azohabwa mu gushingurwa nk'uko we nyene yasize ivyifuje, nk'uko bimenyeshwa n'ibiro vy'umushikjiranganji wa mbere.

David Cameron yari mu nama i Madrid yaciye asivya izindi gahunda yari afise nko kubonana n'umukuru w'Ubufaransa Francois Hollande akaba yitezwe kugaruka hano mu Bwongereza ku mugoroba w'uyu wa mbere ku mugoroba.

Margaret Thatcher yari yavutse yitwa Margaret Roberts, yabaye umushingamateka wa Fincley mu buraruko bwa Londres kuva mu 1959 gushika 1992.

Inyuma yo kuba ministre ajejwe indero, yarahiganywe n'uwahora ari ministre wa mbere Edward Heath mu kibanza co kurongora umugambwe wabo aca atsinda amatora yo mu 179, 1983, na 1987.

Margaret Thatcher yarashize mu minwe y'abikorera ivyabo amashirahamwe menshi yari aya leta, ni nawe yari ministre wa mbere igihe haba intambara hagati y'Ubwongereza na Argentine mu 1982 bipfa amazinga ya Falkland.

Raba ubuzima bwa Margaret Thatcher mu mafoto

http://www.bbc.co.uk/news/uk-politics-10879520

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.