Uhuru Kenyatta yarahiriye kuba umukuru wa Kenya

Ibiherutse kuvugururwa: 9 ukwa kane, 2013 - 11:21 GMT
Uhuru Kenyatta

Uhuru Kenyatta yatsinze amatora yo mu kwa gatatu

Uhuru Kenyatta yarahiriye amabanga yo kuba umukuru mushasha wa Kenya inyuma yo gutsinda amatora yo mu kwa gatatu aho yarushije uwo bahiganwa Raila Odinga.

Abategetsoi benshi hamwe n'abanyagihugu ibihumbi n'ibihumbi bari bitavye ivyo birori vyabareye mu kibuga c'umupira kuy murwa mukuru Nairobi.

Raila Odinga ntiyitavye ivyo birori inyuma y'aho sentare ivugiye ko ikirego ciwe co kwanka ivyavuye mu matora ata shingiro cari gifise.

Uhuru kenyatta n'icegera ciwe William Ruto bompi bari im berev ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha ibakeka kuba baragize uruhara mu ntureka zakurikiye amatora yaheruka mu 2007 yahitanye abantu barenga igihumbi.

Uhuru Kenyatta n'umuhungu w'uwabaye umukuru w'igihugu wa mbere wa Kenya Jomo Kenyatta akaba ari mu bantu batunze cane muri Kenya mbere no muri Africa.

Yavutse mu 1961.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.