Amerika: Korea y'uburaruko ntiyogira ikirwanisho ruhonyanganda

Ibiherutse kuvugururwa: 12 ukwa kane, 2013 - 11:44 GMT
John Kerry ashitse i Seoul

John Kerry ashitse i Seoul

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa leta zunze ubumwe za Amerika, yavuze ko Amerika itokwemera ko Korea y'uburaruko igira ikirwanisho ruhonyanganda.

Aho yafata ijambo mu rugendo arimwo i Seoul muri Korea y'ubumanuko, umushikiranganji John Kerry yavuze ko ugukangana guheruka kwa Korea y'uburaruko kudashobora kwihanganirwa, ngo kandi Amerika izotaba incuti yawo nivyakenerwa.

Bwana Kerry yongeyeko yuko igerageza ry'igisasu ca misile uburaruko bushaka kugira, ngo kizunyura ibintu vyari bisanzwe bitifashe neza.

Ikigo ca Amerika kijejwe gukusanya amakuru y'ibanga, kivuga ko Korea y'uburaruko ubu ifise ubuhinga bwo gushira igisasu ca nucleaire muri misile zayo zimwe.

Ariko abandi bategetsi ba Amerika mu nyuma baje kuvuga ko ivyo bidashoboka.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.