Amerika n'Ubushinwa bihagurukiye Korea y'uburaruko

Ibiherutse kuvugururwa: 13 ukwa kane, 2013 - 14:36 GMT
John Kerry

John Kerry

Leta zunze ubumzwe za Amerika n'Ubushinwa bavuga ko bagiye gukorera hamwe mu kurangura igikorwa co kwaka Korea y'uburaruko ibirwanisho vya nucleaire.

Umushikiranganji wa Amerika ajewe imigenderanire, John Kerry, nyuma y'ibiganiro n'Ubushinwa, yavuze ko impande zompi zizosubira guhura kugira zifate ivyemezo bigaragara.

Uwujejwe politike y'Ubushinwa yo hanze, Yang Jeichi, yavuze ko uguhangana kwabaye aho Korea y'uburaruko yagabishije Amerika na Korea y'ubumanuko, ngo gutegerezwa gutorerwa umuti mu mahoro biciye mu biganiro.

Leta zunze ubumwe za Amerika zanse ibindi biganiro na Korea y'uburaruko, kiretse yemeye guheba umugambi wayo w'ibirwanisho ruhonyanganda.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.