Urubanza rwa Mubarak rwaheze mu kajagari

Ibiherutse kuvugururwa: 13 ukwa kane, 2013 - 14:51 GMT
Hosni Mubarak

Hosni Mubarak

Umunsi wa mbere w'isubiramwo ry'urubanza rw'uwahoze atwara Misiri, Hosni Mubarak, waheze mu kajagari.

Umucamanza ahagarariye urwo rubanza yaciye amenyesha ko aruvuyemwo.

Hari haciye umwanya muto umutama Mubarak yinjijwe muri Sentare ari ku nderuzo agashirwa mu kibanza c'abagirizwa barimwo n'abahungu biwe babiri.

Umucamanza yaciye avuze ko yumva bitamworoheye gusubiramwo urwo rubanza, aca arurungika mu yindi sentare.

Urwo rubanza rwahamagajwe nyuma y'aho Mubarak yungururije urubanza rwa mbere yari yakatiwemwo gufungwa ubuzima bwose mu mwaka uheze.

Ico gihe yagiriwe n'icaha co gutegura umugambi wo kwica abari mu myiyerekano yo kumwiyamiriza mu 2011, yahavuye imukura ku butegetsi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.