Iraq:Ibitero muri Nasariyah, Kirkuk na Baghdad

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa kane, 2013 - 18:46 GMT

Igitero c'igisasu muri Kirkuk

Ibitero vy'ibisasu vyagabwe mu miji ya Baghdad, no muri Tuz Khurmatu mu buraruko hamwe no muri Nasariyah mu bumanuko.

Ivyo bitero bigaragara ko vyagabiwe rimwe vyabaye mu masaha ya kare abantu bariko bihuta baja ku mirimo, ahanini vyaturikijwe mu mamodokari.

Igitigiri c'abo ivyo bitero vyahitanye gikomeza kwiyongera.

Ubwo bugizi bwa nabi buje hasigaye igihe gito ngo habe amatora yo mu ntara kuwa 20 z'uku kwezi, amatora nk'ayo akaba yaheruka mu 2010.

Bigaragara ko intumbero kwari kugaba ibitero henshi hashoboka, aho ibisagara bitari bike vyashikiriwe, harimwo Fallujah, Tikrit, Samarra na Hilla.

Imodokari zirenga cumi zari zujujwe ibisasu zaturikijwe, ibindi bisasu biterwa mw'ibarabara.

Hari n'ibindi bitero vyagabwe mu murwa mukuru Baghdad.

Uretse ivyo bitero vy'ibisasu hari abantu bitwaje inkoho zidasohora urwamo barashe umupolisi yari mu modokari mu muji wa Tarmiyah, ku km 30 uva Baghdad .

Nta murwi n'umwe uremanga ko wagavye ivyo bitero

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.