Venezuela:Intsinzi ya Maduro iremezwa

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa kane, 2013 - 10:54 GMT

Nicolas Maduro

Bwana Maduro, umugabo yagenywe na nyakwigendera Hugo Shavez kumusubirira, bivugwa ko yatsinze amatora arushije mukeba wiwe munsi ya 2%.

Uwaserukiye uruhande rutavuga rumwe na leta mur'ayo matora Henrique Capriles, yavuze ko atazokwemera ivyavuye mu matora.

Avuga ko umurwi umushigikiye ufise urutonde rw' ibigera ku 3000 bitagenze neza asaba ko guharura vyosubirwamwo.

Bwana Maduro yasavye abanyagihugu gutekana, n'uko ivyavuye mu matora vyokubahirizwa.

Amatora yatumweko inyuma y'urupfu rwa Hugo Chavez yahitanywe n'ingwara ya Cancer kuwa 5 ukwezi kwa gatatu.

Bwana Maduro, yahoze ari umushoferi wa bus, yari yagenywe na Hugo Chavez kumusubirira, yatahukanywe amajwi 50,7% mur'aya matora , nayo bwana Capriles aronka 49,1%.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.