Boston: ihigwa rikomeye ry'uwagavye igitero

Ibiherutse kuvugururwa: 19 ukwa kane, 2013 - 13:20 GMT
Abakekwa igiteri ca Boston

Abakekwa igitero ca Boston

Igipolisi muri Amerika kiriko kirahiga uwukekwa kuba yaragavye igitero ca bombe igihe hariko haraba gusiganwa muri marathon i Boston inyuma y'aho uwundi yikekwa yiciwe kimukurikiye mu modoka yari arimwo hanyuma bakarasana.

Inkuru zivuga ko uwuriko araronderwa abatohoza bavuga ko ari wo mu bwoko bw'aba yitwa Chechen Dzhokhar Tsarnaev, afise imyaka 19 akaba yaba muri Amerika hareheze nibura umwaka.

Igipolisi catanguye guhiga abo bantu ku wa kane inyuma y'aho umupolisi yiciwe ku kigo ca kaminuza.

Abantu bikekwa babiri baciye biba imodoka hanyuma batera bombe mu nyuma bararasana n'abapolisi bariko barabahiga. Hari uwundi mupolisi yakomeretse.

Abantu batatu barapfuye abandi 170 barakomereka igihe izo bombe zaturikira iruhande y'umurongo wa nyuma w'iyo marathon.

Abapolisi mu nyuma bahavuye bemeza ko abo bantu babiri bariko barahiga aribo bikekwa kuba baragize ibitero vyo ku wa mbere.

FBI yashize ahabona amafoto menshi y'abo bagabo babiri yariko irahiga mu kurondera abakoze igitero co ku wa mbere.

Abategetsi i Massachusetts Bay bahagaritse uburyo bwose bwo kwiyunguruza kandi nta miduga yemerewe kuja canke kuva mu karere ka Watertown ari naho abo bantu bariko barahigwa.

Abapolisi babwiye abantu kuguma i muhira kandi ko ata kazi kokorwa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.