Pakistan: Pervez Musharaf yafahswe

Ibiherutse kuvugururwa: 19 ukwa kane, 2013 - 14:04 GMT
Musharaf

Pervez Musharaf kuri uyu wa kane yari yasubiye iwe kandi hafashwe ingingo yo kumufata

Uwahoze ari umukuru wa Pakistan Pervez Musharaf yavanywe i muhira iwe ajanwa ku cicaro c'igipolisi ku murwa mukuru Islamabad avanywe i muhira iwe.

Imbere y'aho yari yapfungishijwe icamaso i muhira mu nyuma arafatwa ajanwa muri sentare kwagirizwa ivyaha bijanye no gupfunga bidaciye mu mategeko abacamanza haraheze inyaka itandatu. Ico gihe leta yari yavuze gupfunga abo bacamanza hari ku neza y'umutekano wabo.

Musharaf avuga ko ivyo yagirizwa bitumwa n'imvo za politike.

hagati aho abashingamateka bemeje ingingo y'uko uwo yahoze ari umukuru w'igihugu yokurikiranwa ku vyaha vyo kuba yarahemukiye igihugu mu kuba yarafashe ingingo yo gukoresha amategeko nk'ay'igihugu kiri mu ntambara mu 2007.

Ku wa kane igihe yasomerwa ingingo yo gufatwa ahabaye ibintu bomeze nka cinema aho yaca ahagaruka ikiruka akiterera mu modoka ikamujana i muhira iwe abapolisi barorera.

Yahavuye afatwa kuri uyu gatanu mu gitondo aca yitaba sentare aho umucamanza yategetse aguma mu minwe ya polisi iminsi ibiri.

Abamwunganira bavuga ko iyo ngingo bazoyungururiza muri sentare ntahinyuzwa.

MU kwezi guheze niho Musharaf yatahe ava iyo yari yahungiye abishatse wenyene yizigiye kuja imbere y'umugambwe wiwe All Pakistan Muslim League APML mu matora yimirije mu kwezi kuza.

Ariko mu ntango z'uku kwezi intara ya Chitral yaramwankiye kwitoza.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.