Umunara w'umusigiti wa Aleppo washenywe

Ibiherutse kuvugururwa: 24 ukwa kane, 2013 - 15:55 GMT

Umusigiti wa Aleppo

Ibinyamakuru vya leta muri Syria bivuga umunara w'umusigiti mukuru mu gisagara ca Aleppo wasambuwe mu ntambara hagati y'ingabo za leta n'abayigwanya.

Itororokanirizo ry'amakuru rya leta rivuga ko uwo munara watewe ibisasu n'umugwi w'intagondwa ukorana na Al Qaeda.

Ntaco uruhande rugwanya leta ruravuga.

Uwo musigiti wo mu kinjana ca 12 wari ku rutonde rw'ibibanza ndangamurage kw'isi bikingiwe na UNESCO.

Wagiye mu minwe y'abagwanya leta mu ntango z'uyu mwaka ariko akarere kawegereye n'ubu karacarwanirwa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.