Suarez yahagaritswe kumara inkino 10 adakinye

Ibiherutse kuvugururwa: 24 ukwa kane, 2013 - 15:07 GMT

Luis Suarez yahanywe

Umukinyi wa Liverpool Luis Suarez ntazokina kumara inkino cumi kubera yariye amenyo umukinyi wa Chelsea ku munsi w'Imana.

Igihano co guhagarikwa inkino cumi zose nico ca mbere kirekire kimaze kuboneka kimaze gutangwa n'iryo shirahamwe.

Umwe mu bategetsi b'umurwi wa Liverpool yavuze ko umurwi wiwe kimwe n' umukinyi wabo, bababajwe n' ico gihano.

Uwo murwi wari wamaze guhanisha Luis Suarez ihadabu.

Suarez agira kabiri mu batsinze ibitego vyinshi mu nkino za premier League muri kino gihe, kandi afatw ako ariwe musatirizi wa mbere mwiza bafise.

Ariko rero umwuga wiwe wogukina umupira w'amaguru wagiye utosekarwa.

Suarez yarigeze guhagarikwa igihe yakinira umurwi Ajax wo mu bu Hollande kubera kuryana amenyo nyene, ahandi ahagarikwa kubera yakoresheje imvugo ivangura ku mukinyi wa wa Manchester United mu 2011.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.