May Day: Umunsi wahariwe abakozi kw'isi

Ibiherutse kuvugururwa: 1 ukwa gatanu, 2013 - 15:11 GMT
Imyigaragambyo y'abakozi

Amashirahamwe y'abakozi hirya no hino mu bihugu vya Bulaya yafatiye kur' uno munsi mpuzamakungu wahariwe abakozi, batunganya imyiyerekano yo kwiyamiriza urugero rw'abatagira ubuzi rudahengeshanya kwiyongera hamwe n' ingingo zo gutubika umukanda.

Iyo myiyerekano yahungabanije ibikorwa vyo gutwara abantu n' ibintu mu Bugereki.

Ariko umunyamakuru wa BBc ari Athens avuga ko atari benshi bitabiriye iyo myiyerekano , kuko benshi mu muji ngo bagiye kuramutsa imiryango, kuko wahuriranye n' igihe abo mw' idini ry'aba ortyhodoxes bahimbaza pasika yabo.

Muri Espagne naho nyene bahamaje imyiyerekano kuber' ikibazo c' ubushomeri.

Muri turkiya igipolisi carinze gukoresha ya myuka irakira no kumijagira amazi abari mu myiyerekano mu muji wa istanbul.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.