Somaliya: inzara yahitanye ica kane ca miliyoni

Ibiherutse kuvugururwa: 2 ukwa gatanu, 2013 - 13:27 GMT

Abantu batondeye ibifungurwa

Igitigiri c'abanyasomalia bahitanywe n'inzara iheruka gitangwa na ONU kiruta kure icari catanzwe mbere.

Icegeranyo c'ishami rijejwe uburimyi n'ibifungurwa FAO, n'irijejwe kugendereza ku biza vy'inzara, cerekana ko ibihumbi n'ibihumbi vyapfuye kandi vyari kurokoka.

Ngo bazize ko amakungu yatevye gutabara igihe hari hamaze koboneka ibimenyetso vy'iyo kigoyi mu karere mu mwaka 2010.

Igitigiri co kugereranya cari catanzwe n'Ubwongereza ku bahitanywe n'iyo nzara, cari hagati y'ibihumbi 50 mirongo itanu n'ibihumbi ijana.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.