Mary Robinson ONU yagendeye Uburundi

Ibiherutse kuvugururwa: 4 ukwa gatanu, 2013 - 14:27 GMT
Ibihugu vy'ibiyaga binini

Akarere k'ibihugu vy'ibiyaga bini

Umukuru w'igihugu c'Uburundi Pierre Nkurunziza yemereye iyo ntumwa idasanzwe ya ONU mu bihughu vy'ibiyaga bini Mary Ribinson ko inteko za ONU zigiye kurungikwa muri Congo zishobora gukoresha ikibuga c'indege ca Bujumbura.

Mary Robinson yagendeye Uburundi ku wa gatanu inyuma ya Congo, Urwanda na Uganda.

Avugana n'abarongoye ibihugu 11 vyemeje amasezerano ya Addis Abeba yo kugarukana amahoro mu burasirazuba bwa Congo ingene yoshirwa mu ngiro.

Inteko zidasanzwe za ONU zo kurwanya imigwi yitwaje ibigwanisho muri ako karere ka Congo zitezwe gushika umwanya uwariwo wose.

Umuvugizi w'umukuru w'Uburundi Leonidas Hatungimana yabwiye BBC ko prezida Pierre Nkurunziza yemereye Mary Robinson ko izo nteko za ONU zishobora kubandanya zikoresha ikibuga c'indege ca Bujumbura mu kuhacisha ingabo canke ibikoresho.

Leonidas Hatungimana yavuze ati: ''Umukuru w'igihugu ashaka ko ibintu binyaruka ntitugume turiko turateba kuko ikibazo c'umutekano muri Congo kiraba n'ibi bihugu bihana urubibe cane cane nk'Uburundi''.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.