Tanzania: abanye Arabia Saudite bafashwe mu gitero ca Arusha

Ibiherutse kuvugururwa: 7 ukwa gatanu, 2013 - 11:04 GMT
Uwuriko aravura abakomeretse

Abarenga 50 barakomerekeye muri ico gitero

Abantu 8-barimwo 4 baturuka muri Arabia Saudite-bafashwe kubera uruhara bashobora kuba baragize mu gitero cahitanye abantu babiri mu gisagara ca Arusha kiri mu buraruko bwa Tanzania kuri uyu wa mungu, nk'uko bivugwa n'igipolisi.

Umukuru wa Tanzania Jakaya Kikwete yeteye ivyatsi ico gitero avuga ko ari gikorwa c'iterabwoba.

Nta mugwi uriyitirira ico gitero cakomerekeyemwo abantu.

Ib itero vy'intagondwa zitwaje amadini ntibikunze kuba nko mu gihugu bibanyi vya Kenya na Somalia.

Mu 1998, ivyo bihugu vyompi vyaratewe icarimwo hapfa abantu barenga 200.

Ariko imishamirano n'intureka zifatiye ku madini vyagumye vyiyongera muri Tanzania kuva mu mwaka uheze.

Mu kwezi kwa kabiri umupatiri wa katolika yarishwe mw'idini rya Zanzibar rigwiriyemwo aba Islam.

Mu mwaka uheze umwigisha wa Islam Sheikh Ponda Issa Ponda yarafashwe yagirizwa guturira amaengero inyuma y'aho hakwiragirijwe igihuha ko hari umwana w'umuhungu yasovye kuri Koroan.

Nta biharuro bihari muri Tanzania vy'ingene abantu bakukira amadini ku buryo atawuzi abari benshi hagati y'aba Kristu n'aba Islam.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.