Kenya-Iran: 2 bakatiwe guherayo

Ibiherutse kuvugururwa: 6 ukwa gatanu, 2013 - 12:14 GMT
Mohammed na Mousavi

Abo bagabo bafatanywe ubumara buturika cane

Abanye Iran babiri bakatiwegupfungwa ubuzima bwabo bwose na sentare muri Kenya ku vyaha bijanye n'iterabwoba.

Ahmad Mohammed na Sayed Mousavi bari bagirwe n'icaha ku ndwi iheze kubera kuba bari bafise ubumara buturika, bashobora kuba bashaka kuzohava bakoresha mu gitero. ''Ndahinda agashitsi iyo niyumviye ibintu vyari kwononekera'' niko umucamanza Kiarie Waweru yavuze nk'uko bishikirizwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Leta ya Iran irahakana kuba hari umugambi urondera Kenya yari ishigikiye .

Ku wa mungu, uwuyihagarariye muri Kenya,Malik Hussein Givzad, yavuze ko ibiro vyiwe bizofasha imiryango ya Mohammed na Moussavi kwunguruza.

Nk'uko bishikirizwa n'ikinyamakuru co muri Kenya Daily Nation, Givzad yavuze ati ''nk'ibiro biserukira igihugu, ico dushobora kugira n'ugufasha imiryango y'abagiriwe n'icaha kwungururiza muri sentare y'ikirenga, hamwe abashingwamanza bobona ko ata vyemezo bifadika vyatanzwe''.

Yongeye ko ati ''Iran ifitaniye imidengenderanire myiza na Kenya. Iki cari igikorwa c'ubutungane, igikorwa twubaha''.

Sentare yavuze ko abo bagabo babiri Mohammed and Mousavi biketswe kuba bari bafitaniye isano n'urufatangane rw'abantu bariko barategura ibitero vy'ama bombe ku murwa mukuru Nairobi no mu gisagara co kw'i bahari ca Mombasa.

Umucamanza yavuze ko yabakakatiye gupfungwa ubuzima bwose kubera ''amaborogo y'abahuye n'ibitero vyo muri kahise yumvikana cane ' kuruta uko bireguye, nk'uko bishikirizwa na AFP.

Abunganira abaregwa bavuze ko Mohammed na Mousavi basambishijwe n'abajejwe umutekano b'abanye Israel mw'ibohero. Ariko umushikirizamanza yarabihakanye.

Mohammed na Mousavi bafashwe mu kwa gatandatu mu 2012 bagirizwa gutunga ibiro 15 vy'ubumara buturika cane bita RDX.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.