Urubanza rwa Hosni Mubarak rwigijwe inyuma

Ibiherutse kuvugururwa: 11 ukwa gatanu, 2013 - 11:40 GMT
Hosni Mubarak muri sentare

Hosni Mubarak muri sentare

Isubirwamwo ry'ububanza rw'uwahoze atwara Misiri, Hosni Mubarak, rwatanguye uno munsi ruca rushirwa mu kwezi kuza.

Abajejwe urwo rubanza bavuze ko kwigijwe inyuma kugira abashingwamanza baronke umwanya ukwiye wo kwihweza ibimenyetso vyashikirijwe.

Yagirizwa kuba yarishe amajana y'abantu bari mu myiyerekano yo kumwiyamiriza haciye imyaka ibiri.

Bwana Mubarak w'imyaka mirongo umunani n'itanu, yagaragara ko ameze neza, yicaye mu ntebe y'abamugaye muri sentare.

Yagirizwa hamwe n'uwari umushikiranganji wiwe ajejwe intwaro yo hagati hamwe n'abari abakuru b'abajejwe umutekano batandatu.

Bwana Mubarak yagirizwa kandi ivyaha vy'igiture kumwe n'abahungu biwe babiri, Alaa na Gamal.

Isubiramwo ry'urubanza ryari ryatanguye mu kwezi guheze ryaciye rihagarikwa igihe umucamanza yikura mu rubanza.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.