Muri Pakitani amatora rusangi yaranzwe n'ubwicanyi

Ibiherutse kuvugururwa: 11 ukwa gatanu, 2013 - 11:32 GMT
Umwana yakomereye mu gitero c'i Peshawar

Umwana yakomereye mu gitero c'i Peshawar

Muri Pakistani biriwe mu matora rusangi nyuma y'ukwiyamamaza kwaranzwe n'ubwicanyi hirya no hino mu gihugu.

Ubwo bwicanyi bwabandanije kuri uno munsi w'amatora, igipolisi mu muji wa Karachi kikavuga ko abantu cumi n'umwe bishwe abandi mirongo ine barakomereka igihe haturika igisasu imbere y'ibiro vy'umugambwe Awami National Party.

Umuntu umwe yiciwe mu kurasana kwabereye imbere y'ibiro vy'amatora biri hafi y'urubibe na Afghanistan.

Abandi bantu bakomerekeye mu kindi gitero cabereye mu muji wa Peshawar.

Ariko umugwi ujejwe amatora uvuga ko gutora vyitabiriwe ku buryo bushimishije naho aba Taliban bari bagabishije ko baza gukora ibara.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.