Papa Francis yagenye aberanda ku nshuro ya mbere

Ibiherutse kuvugururwa: 12 ukwa gatanu, 2013 - 10:28 GMT
Papa Francis

Papa Francis

Umwungere wa ekleziya Gatolika, Papa Francis, yagenye abagizwe aberanda ku nshuro ya mbera kuva abaye umu Papa.

Barimwo abantu amajana umunani baguye mu bwicanyi bw'abasirikare b'aba Ottoman mu kinjana ca cumi na gatanu.

Baciwe imitwe mu muji wa Otranto mu bumanuko bw'Ubutaliyano, wahowe kwanka kwinjira idini rya Islam.

Amazina yabo ntazwi, kiretse umwe gusa yitwa Antonio Primaldo.

Muri iyo nkuka y'imisa, Papa kandi yagize abatoni ababikira babiri bo muri Amerika y'ubumaniko, Laura Montoya wo muri Colombie na Maria Guadalupe Carcia Zavana wo muri Mexique.

Mu mezi abiri gusa amaze ashikiriye amabanga, Papa Francis yagenye aberanda benshi kurusha aba Papa bose bamutanguriye.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.